ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 13:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Abantu bahagaritse umutima+. Ukwigonyonzora be n’ububabare bwo kwibaruka birabacakiye; bafise ububabare bw’ibise nk’umugore ariko yibaruka+. Bararabana bumiwe. Mu maso habo haratukuriye+.

  • Yeremiya 4:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Kuko numvise ijwi nk’iry’umugore arwaye, amarushwa nk’ay’umugore ariko yibaruka umwana wiwe wa mbere+, ijwi ry’umukobwa wa Siyoni aguma ahezagirika. Aguma agaranzura ibiganza+ ati: “Noneho ndagowe, kuko umutima wanje uruhijwe n’abicanyi+!”

  • Yeremiya 6:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Twumvise inkuru yabo. Amaboko yacu araregeye*+. Amarushwa araducakiye, ububabare bw’ibise nk’ubw’umugore ariko yibaruka+.

  • Mika 4:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 “Kubera iki none uguma uvuza induru n’ijwi rirenga+? Mbega nta mwami ari muri wewe, canke na ho umujanama wawe yoba yapfuye, ko wafashwe n’ububabare nk’ubw’umugore ariko yibaruka+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika