27 “‘Nayo wewe, ntutinye, ewe musavyi wanje Yakobo, ntucike ivutu, ewe Isirayeli+! Kuko ehe ngira ngukize ndagukuye kure, n’uruvyaro rwawe ndarukize ndarukuye mu gihugu rwagizwemwo imbohe+. Kandi Yakobo azogaruka koko, abeho ata kimuhungabanya, atekanye kandi ata wumujugumiza+.