21 Maze Eliya yegera abantu bose hanyuma avuga ati: “Muzogeza ryari gucumbagira ku vyiyumviro bibiri bitandukanye+? Nimba Yehova ari we Mana y’ukuri, nimumukurikire+; nimba na ho ari Bayali, nimuyikurikire.” Abantu ntibagira ijambo bamwishura.
18 None ubu inzira ya Misiri+ uyironderako iki, kugira ngo unywe amazi ya Shihori+? Kandi inzira ya Ashuri+ uyironderako iki, kugira ngo unywe amazi ya rwa Ruzi?