ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 4:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 Wewe ubwawe wareretswe, kugira umenye ko Yehova ari we Mana y’ukuri+; nta wundi ariho kiretse we+.

  • 2 Abami 17:41
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 41 Ayo mahanga yaratinya Yehova+, mugabo agakorera ibishusho vyayo bibajwe. Nayo abahungu babo n’abuzukuru babo, gushika n’uyu musi bakora nk’uko ba sekuruza babo bari barakoze.

  • Yesaya 42:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje+; kandi nta wundi n’umwe nzoha ubuninahazwa bwanje+, eka sinzoha ishemezo ryanje+ ibishusho bibajwe+.

  • Yeremiya 2:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Mbega hari ihanga ryakavye imana zaryo+, egome, rikazikaba ibitari imana+? Mugabo abantu banje ubuninahazwa bwanje babukavye ibidashobora kuzana inyungu+.

  • Hoseya 10:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Umutima wabo wabaye uwiyorobeka+; ubu rero bazokwagirwa n’icaha.

      “Hari uwuzomenagura ibicaniro vyabo; azonyaga inkingi zabo+.

  • Matayo 12:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Uwutari ku ruhande rwanje aba andwanya, kandi uwutegeraniriza hamwe nanje arasanzaza+.

  • 1 Abakorinto 10:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Ntimushobora kunywa igikombe ca Yehova+ n’igikombe c’amadayimoni; ntimushobora gufungura ku “meza ya Yehova+” no ku meza y’amadayimoni.

  • 2 Abakorinto 6:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Ntimuboherwe ku ngǒgo* hamwe n’abatemera+ kandi bitajana. Kuko, ubugororotsi n’ubugarariji bihuriye ku ki+? Canke umuco usangiye iki n’umwiza+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika