Gusubira mu vyagezwe 4:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 Wewe ubwawe wareretswe, kugira umenye ko Yehova ari we Mana y’ukuri+; nta wundi ariho kiretse we+. 2 Abami 17:41 Bibiliya y’isi nshasha 41 Ayo mahanga yaratinya Yehova+, mugabo agakorera ibishusho vyayo bibajwe. Nayo abahungu babo n’abuzukuru babo, gushika n’uyu musi bakora nk’uko ba sekuruza babo bari barakoze. Yesaya 42:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje+; kandi nta wundi n’umwe nzoha ubuninahazwa bwanje+, eka sinzoha ishemezo ryanje+ ibishusho bibajwe+. Yeremiya 2:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Mbega hari ihanga ryakavye imana zaryo+, egome, rikazikaba ibitari imana+? Mugabo abantu banje ubuninahazwa bwanje babukavye ibidashobora kuzana inyungu+. Hoseya 10:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Umutima wabo wabaye uwiyorobeka+; ubu rero bazokwagirwa n’icaha. “Hari uwuzomenagura ibicaniro vyabo; azonyaga inkingi zabo+. Matayo 12:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Uwutari ku ruhande rwanje aba andwanya, kandi uwutegeraniriza hamwe nanje arasanzaza+. 1 Abakorinto 10:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Ntimushobora kunywa igikombe ca Yehova+ n’igikombe c’amadayimoni; ntimushobora gufungura ku “meza ya Yehova+” no ku meza y’amadayimoni. 2 Abakorinto 6:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Ntimuboherwe ku ngǒgo* hamwe n’abatemera+ kandi bitajana. Kuko, ubugororotsi n’ubugarariji bihuriye ku ki+? Canke umuco usangiye iki n’umwiza+?
35 Wewe ubwawe wareretswe, kugira umenye ko Yehova ari we Mana y’ukuri+; nta wundi ariho kiretse we+.
41 Ayo mahanga yaratinya Yehova+, mugabo agakorera ibishusho vyayo bibajwe. Nayo abahungu babo n’abuzukuru babo, gushika n’uyu musi bakora nk’uko ba sekuruza babo bari barakoze.
8 “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje+; kandi nta wundi n’umwe nzoha ubuninahazwa bwanje+, eka sinzoha ishemezo ryanje+ ibishusho bibajwe+.
11 Mbega hari ihanga ryakavye imana zaryo+, egome, rikazikaba ibitari imana+? Mugabo abantu banje ubuninahazwa bwanje babukavye ibidashobora kuzana inyungu+.
2 Umutima wabo wabaye uwiyorobeka+; ubu rero bazokwagirwa n’icaha. “Hari uwuzomenagura ibicaniro vyabo; azonyaga inkingi zabo+.
21 Ntimushobora kunywa igikombe ca Yehova+ n’igikombe c’amadayimoni; ntimushobora gufungura ku “meza ya Yehova+” no ku meza y’amadayimoni.
14 Ntimuboherwe ku ngǒgo* hamwe n’abatemera+ kandi bitajana. Kuko, ubugororotsi n’ubugarariji bihuriye ku ki+? Canke umuco usangiye iki n’umwiza+?