26 Inyuma y’ivyo abantu bose, kuva ku muto gushika ku wuhambaye, n’abakuru b’inteko za gisirikare, barahaguruka hanyuma binjira mu Misiri+; kuko bari batinye kubera Abakaludaya+.
2 abafata inzira ngo bamanuke mu Misiri+ kandi batasiguje akanwa kanje+, ngo bikinge igihome gikomeye ca Farawo no kugira ngo bahungire mu gitutu ca Misiri+!
14 mu kuvuga muti: “Oya, ahubwo mu gihugu ca Misiri ni ho tuzokwinjira+, aho tutazobona intambara, canke ngo twumve ijwi ry’inzamba, canke ngo tugire inzara y’umukate; aho ni ho tuzoba+”;