39 Ku bw’ivyo, ingenzi zo mu turere tugadutse zizobana n’ibikoko biboroga; ibinyoni vyitwa imbuni bizoba muri we koko+; kandi nta wuzokwongera kuba muri we, eka kandi ntazogira aho kuba uko iyaruka rizokurikira irindi+.”
40 “Nk’uko vyagenze igihe Imana yatembagaza Sodomu na Gomora+ be n’ibisagara bibanyi+,” ni ko Yehova avuze, “nta muntu azohaba, eka kandi nta mwana w’umuntu azoba muri we ari kavamahanga+.