ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 13:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Babiloni, ca kirezi c’ubwami+, bwa bwiza bw’ubwishime bw’Abakaludaya+, itegerezwa gucika nka ca gihe Imana yatembagaza Sodomu na Gomora+.

  • Yeremiya 50:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Kubera uburakari bwa Yehova nta wuzoba iwe+, kandi azocika koko igiharabuga wese+. Nayo uwuzoca iruhande ya Babiloni wese, azomutamarira ajongorotse, avuze agahwa kubera ivyago vyiwe vyose+.

  • Yeremiya 50:39
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 39 Ku bw’ivyo, ingenzi zo mu turere tugadutse zizobana n’ibikoko biboroga; ibinyoni vyitwa imbuni bizoba muri we koko+; kandi nta wuzokwongera kuba muri we, eka kandi ntazogira aho kuba uko iyaruka rizokurikira irindi+.”

  • Yeremiya 50:40
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 40 “Nk’uko vyagenze igihe Imana yatembagaza Sodomu na Gomora+ be n’ibisagara bibanyi+,” ni ko Yehova avuze, “nta muntu azohaba, eka kandi nta mwana w’umuntu azoba muri we ari kavamahanga+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika