ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 29:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Maze bazovuga ngo: ‘Ni kubera bataye isezerano+ rya Yehova Imana ya ba sekuruza babo, iryo yagiranye na bo igihe yabakura mu gihugu ca Misiri+.

  • 1 Abami 9:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Maze bazovuga ata kabuza bati: ‘Ni kubera ko bahevye Yehova Imana yabo yari yarakuye ba sekuruza babo mu gihugu ca Misiri+, bagatangura kwifatanya n’izindi mana+, bakazunamira bakazikorera. Ni co catumye Yehova abazanako ibi vyago vyose+.’”

  • Yeremiya 2:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 “Mugabo uvuga uti: ‘Nagumye ndi intungane. Ni ukuri ishavu ryiwe ryamvuyeko risubira inyuma+.’

      “Ehe ngira mburane nawe kubera uvuga ngo: ‘Sinacumuye+.’

  • Yeremiya 13:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Kandi niwavuga mu mutima wawe+ uti: ‘Kubera iki ibi bintu binshikiye+?’; kubera ubwinshi bw’ikosa ryawe, impuzu* zawe wahora wipfuka ziratwawe+; ibitsintsiri vyawe vyagiriwe ivy’ubukazi.

  • Yeremiya 16:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 “Kandi niwabwira aba bantu ayo majambo yose, maze bakakubwira koko bati: ‘Kubera iki Yehova yatuvuzeko ivyo vyago vyose bikomeye, kandi ikosa ryacu ni irihe, vyongeye, igicumuro cacu twacumuye kuri Yehova Imana yacu ni ikihe+?’,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika