ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 5:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Abasuku banje bazobimanukana ku kiyaga babikuye i Libani+; nayo jewe, nzobifatanya bimere nk’amasaso, bijane ikiyaga gushika ahantu uzomenyesha+; nzobifatanurira koko ng’aho, nawe uheze ubitware; hanyuma nawe, uze ukore ibimpimbara mu gutanga ibifungurwa vy’urugo rwanje+.”

  • 2 Ngoma 2:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kandi ehe abasuku bawe, abegeranya ibiti, abicira ibiti, ndabahaye ingano ngo zibabere ibifungurwa, zingana n’ingero za koro ibihumbi mirongo ibiri+, na sayiri* ingana n’ingero za koro ibihumbi mirongo ibiri, n’umuvinyu+ ungana n’ingero za bati* ibihumbi mirongo ibiri, be n’amavuta angana n’ingero za bati ibihumbi mirongo ibiri.”

  • Ezira 3:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Nuko baha amahera+ abaringaniza amabuye+ n’abahinguzi b’utugenegene+, bongera baha ibiribwa+ n’ibinyobwa n’amavuta+ Abanyasidoni+ n’Abanyatiro+, kugira bazane ku kiyaga c’i Yopa+ ibiti vy’amasederi babikuye i Libani+, bisunze uruhusha bari bahawe na Kuro+ umwami w’Ubuperesi.

  • Ivyakozwe 12:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ico gihe yashaka kurwana n’abantu b’i Tiro n’i Sidoni. Nuko baza* kuri we bahuje inama; hanyuma Bulasito uwari ajejwe icumba c’uburyamo c’umwami, bamaze kumwumvisha akanyurwa, batangura gusaba amahoro, kubera ko igihugu cabo caronswa ibifungurwa+ bivuye mu gihugu c’umwami.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika