10 Kandi kubera wewe, nzotuma koko ibisata vyinshi vy’abantu bicika ivutu+, abami babo na bo bahinde agashitsi bari n’ikinya kubera wewe ninabangurira inkota yanje mu maso yabo+, kandi bazobwirizwa kujugumira umwanya wose, umwe wese ku bw’ubuzima bwiwe, ku musi w’ugutemba kwawe+.’