ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 30:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Yehova Imana yawe na we ntazobura kugarukana imbohe zawe+ no kukugirira imbabazi+, asubire agutororokanye agukuye mu bisata vyose vy’abantu Yehova Imana yawe yagusanzarijemwo+.

  • Yesaya 43:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe+. Nzozana uruvyaro* rwawe ndarukuye i burasirazuba, ndakwegeranirize hamwe ngukuye i burengerazuba+.

  • Yeremiya 23:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 “Jewe nzokoraniriza hamwe amasigarira y’intama zanje ndazikuye mu bihugu vyose nari narazishwiragirijemwo+, ndazigarukane mw’itongo ry’uburagiriro ryazo+, na zo zizorondoka koko, zigwire+.

  • Ezekiyeli 34:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Kandi nzozikura+ mu bisata vy’abantu, ndazikoranirize hamwe ndazikuye mu bihugu, ndazizane ku butaka bwazo+, ndazigaburirire ku misozi ya Isirayeli, iruhande y’inzira z’imigezi n’iruhande y’ibibanza vyose vyo kubamwo vyo mu gihugu+.

  • Ezekiyeli 37:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 “Kandi ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ntoye bene Isirayeli ndabakuye mu mahanga bagiyemwo, kandi nzobakoraniriza hamwe ndabakuye hirya no hino, ndabazane ku butaka bwabo+.

  • Hoseya 1:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Egome, bene Yuda na bene Isirayeli bazokoranirizwa hamwe mu bumwe+, bishirireho koko umukuru umwe maze baduge bave mu gihugu+, kuko umusi wa Yezireyeli uzoba uhambaye+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika