ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 106:47
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 47 Dukize, ewe Yehova Mana yacu+,

      Utwegeranye udukuye mu mahanga+

      Ngo dukengurukire izina ryawe ryeranda+,

      Ngo tuvugane ukwigina tugushemeza+.

  • Yesaya 65:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Nzozana uruvyaro ndarukuye muri Yakobo+, muri Yuda na ho nkureyo uwuzotorana imisozi yanje+; abo natoye ntibazobura kuhigarurira+, kandi abasavyi banje ni ho bazoba+.

  • Yeremiya 23:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 “Jewe nzokoraniriza hamwe amasigarira y’intama zanje ndazikuye mu bihugu vyose nari narazishwiragirijemwo+, ndazigarukane mw’itongo ry’uburagiriro ryazo+, na zo zizorondoka koko, zigwire+.

  • Yeremiya 30:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kuko, “ehe imisi iraje,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzokoranya abantu banje bagizwe imbohe, Isirayeli na Yuda+,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzobagarukana mu gihugu nahaye ba sekuruza babo, na bo bazosubira kucigabira koko+.”’”

  • Ezekiyeli 11:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 “Vuga rero uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Nzobegeranya kandi ndabakuye mu bisata vy’abantu, ndabakoranye ndabakuye mu bihugu mwasanzarijwemwo, kandi nzobaha ubutaka bwa Isirayeli+.

  • Ezekiyeli 28:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 “‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ninakoraniriza hamwe inzu ya Isirayeli ndayikuye mu bisata basanzarijwemwo+, nzoca nezwa vy’ukuri hagati muri bo mu maso y’amahanga+. Bazokwibera koko ku butaka bwabo+ nahaye umusavyi wanje, egome, ubwo nahaye Yakobo+.

  • Amosi 9:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kandi nzogarukana abagizwe imbohe bo mu bantu banje Isirayeli+, na bo bazokwubaka vy’ukuri ibisagara vyagizwe umusaka babibemwo+, batere imirima y’imizabibu binywere umuvinyu wayo, barime n’imirima birire ivyamwa vyayo+.’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika