Guharura 23:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Imana si umuntu ngo ibeshe+,Canke umwana w’abantu ngo yicuze+.Mbega ico ubwayo ivuze, ntigikora?Mbega iryo ivumereye, ntirishitsa+? Ezekiyeli 22:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Mbega umutima wawe uzoguma wihanganye+? Canke amaboko yawe azokuronsa inkomezi mu misi nzogira ico nkoze kuri wewe+? Jewe Yehova navuze, kandi nzogira ico nkoze+. Ezekiyeli 28:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Emwe, bazobwiberako mu mutekano+, bubake amazu+, batere imirima y’imizabibu+, kandi bazokwibera koko mu mutekano+ ninashitsa imanza zanje kuri abo bose babagaya bo hirya no hino yabo+; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova Imana yabo.”’” Ezekiyeli 37:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 ‘Nzoshira impwemu yanje muri mwebwe+, kandi muzoba bazima ata kabuza; nzobashira ku butaka bwanyu muhagerere; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe Yehova navuze kandi ko nabikoze,’ ni ko Yehova avuze+.”
19 Imana si umuntu ngo ibeshe+,Canke umwana w’abantu ngo yicuze+.Mbega ico ubwayo ivuze, ntigikora?Mbega iryo ivumereye, ntirishitsa+?
14 Mbega umutima wawe uzoguma wihanganye+? Canke amaboko yawe azokuronsa inkomezi mu misi nzogira ico nkoze kuri wewe+? Jewe Yehova navuze, kandi nzogira ico nkoze+.
26 Emwe, bazobwiberako mu mutekano+, bubake amazu+, batere imirima y’imizabibu+, kandi bazokwibera koko mu mutekano+ ninashitsa imanza zanje kuri abo bose babagaya bo hirya no hino yabo+; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova Imana yabo.”’”
14 ‘Nzoshira impwemu yanje muri mwebwe+, kandi muzoba bazima ata kabuza; nzobashira ku butaka bwanyu muhagerere; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe Yehova navuze kandi ko nabikoze,’ ni ko Yehova avuze+.”