ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 23:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Imana si umuntu ngo ibeshe+,

      Canke umwana w’abantu ngo yicuze+.

      Mbega ico ubwayo ivuze, ntigikora?

      Mbega iryo ivumereye, ntirishitsa+?

  • Ezekiyeli 22:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Mbega umutima wawe uzoguma wihanganye+? Canke amaboko yawe azokuronsa inkomezi mu misi nzogira ico nkoze kuri wewe+? Jewe Yehova navuze, kandi nzogira ico nkoze+.

  • Ezekiyeli 28:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Emwe, bazobwiberako mu mutekano+, bubake amazu+, batere imirima y’imizabibu+, kandi bazokwibera koko mu mutekano+ ninashitsa imanza zanje kuri abo bose babagaya bo hirya no hino yabo+; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova Imana yabo.”’”

  • Ezekiyeli 37:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 ‘Nzoshira impwemu yanje muri mwebwe+, kandi muzoba bazima ata kabuza; nzobashira ku butaka bwanyu muhagerere; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe Yehova navuze kandi ko nabikoze,’ ni ko Yehova avuze+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika