ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 27:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 “‘Aravumwe umuntu akora igishusho c’ikibazano+ canke igishushanyo mu cuma gishongeshejwe+, ikintu giteye ishishi kuri Yehova+, ikintu gikozwe n’amaboko y’umuhinguzi w’ibiti n’ivyuma+, akagishira ahihishije.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen+!’)

  • Yeremiya 7:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 inzu yitirirwa izina ryanje+, iyo mwizigira+, be n’ahantu nabahaye mwe na ba sogokuruza banyu, nzobigirira rero nk’uko nagiriye Shilo+.

  • Gucura intimba 1:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Siyoni yashanje amaboko+. Ntagira uwumuhoza+.

      Ku bijanye na Yakobo, Yehova yategetse abamukikije bose ngo babe abarwanizi biwe+.

      Yeruzalemu isigaye ari ikintu co kuzinukwa hagati muri bo+.

  • Hoseya 9:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 “Nubutse kuri Isirayeli nk’uwubutse ku nzabibu mu gahinga+. Nabonye ba sogokuruza banyu nk’uwubonye insukoni ya kare ku giti c’umusukoni kigitangura kwama+. Bo bagiye kuri Bayali y’i Peyori+, biyegurira ico kintu c’akamaramaza+, maze baba abasesemye nk’ico kintu bakunda+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika