ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Imigani 16:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Biciye ku buntu bwuzuye urukundo no ku kuri ikosa rirahongerwa+, kandi mu gutinya Yehova umuntu arakevya ngo ntagwe mu bibi+.

  • Imigani 28:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Uwupfuka ibigabitanyo vyiwe ntazororanirwa+, mugabo uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa imbabazi+.

  • Yesaya 55:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Umubisha nahebe inzira yiwe+, n’umuntu agira nabi ahebe ivyiyumviro vyiwe+; nagaruke kuri Yehova, uwuzomugirira imbabazi+, ku Mana yacu, kuko izobabarira cane+.

  • Ezekiyeli 18:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 “‘Nayo umubisha, niyahindukira akava mu bicumuro vyiwe vyose yakoze+, akagumya koko ivyagezwe vyanje vyose, agashitsa ubutungane n’ubugororotsi+, ntazobura kubandanya kubaho. Ntazopfa+.

  • Matayo 3:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Nuko rero nimwame ivyamwa bikwiranye n’ukwigaya+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika