26 Ibandanya kuvuga iti: “Niwumviriza vy’ukuri ijwi rya Yehova Imana yawe, ugakora ibigororotse mu maso yiwe, kandi koko ugatega ugutwi amabwirizwa yiwe vyongeye ukagumya ingingo nyobozi ziwe zose+, nta n’imwe muri za ndwara nateza Abanyamisiri nzoguteza+; kuko ndi Yehova uwugukiza+.”