Zaburi 28:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Yehova ni we nkomezi zanje+ n’inkinzo yanje+.Ni we umutima wanje wizigiye+,Kandi naratabawe, ku buryo umutima wanje wigina+,Kandi nzomuhayisha ururirimbo rwanje+. Yesaya 12:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 “Niwanirize akamo, ukome akaruru k’umunezero, ewe wa mugore uba i Siyoni, kuko Umweranda wa Isirayeli ahambaye hagati muri wewe+.” Yesaya 41:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Uzobigosora+, kandi umuyaga uzobikukumura+, kandi ikirura c’umuyaga kizobigurura mu nzira zitandukanye+. Kandi wewe ubwawe uzonezerwa muri Yehova+. Uzokwirata muri wa Mweranda wa Isirayeli+.” Yesaya 61:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Nzokwigina muri Yehova ata kabuza+. Umutima wanje uzonezerwa mu Mana yanje+. Kuko yanyambitse impuzu z’ubukiriro+; yantwikiriye umwitero utagira amaboko w’ubugororotsi+, nk’umukwe yambara icambarwa co mu mutwe+ kumwe kw’abaherezi, kandi nk’umugeni yishariza n’udusharizo twiwe+. Habakuki 3:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Na ho nyene jewe nzokwigina Yehova+; nzonezererwa Imana y’ubukiriro bwanje+. Zakariya 10:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Kandi abo muri Efurayimu bazoba nk’umugabo w’umunyenkomezi+, umutima wabo unezerwe koko nk’uwunezerejwe n’umuvinyu+. Abana babo bazobibona banezerwe koko+; umutima wabo uzonezererwa Yehova+.
7 Yehova ni we nkomezi zanje+ n’inkinzo yanje+.Ni we umutima wanje wizigiye+,Kandi naratabawe, ku buryo umutima wanje wigina+,Kandi nzomuhayisha ururirimbo rwanje+.
6 “Niwanirize akamo, ukome akaruru k’umunezero, ewe wa mugore uba i Siyoni, kuko Umweranda wa Isirayeli ahambaye hagati muri wewe+.”
16 Uzobigosora+, kandi umuyaga uzobikukumura+, kandi ikirura c’umuyaga kizobigurura mu nzira zitandukanye+. Kandi wewe ubwawe uzonezerwa muri Yehova+. Uzokwirata muri wa Mweranda wa Isirayeli+.”
10 Nzokwigina muri Yehova ata kabuza+. Umutima wanje uzonezerwa mu Mana yanje+. Kuko yanyambitse impuzu z’ubukiriro+; yantwikiriye umwitero utagira amaboko w’ubugororotsi+, nk’umukwe yambara icambarwa co mu mutwe+ kumwe kw’abaherezi, kandi nk’umugeni yishariza n’udusharizo twiwe+.
7 Kandi abo muri Efurayimu bazoba nk’umugabo w’umunyenkomezi+, umutima wabo unezerwe koko nk’uwunezerejwe n’umuvinyu+. Abana babo bazobibona banezerwe koko+; umutima wabo uzonezererwa Yehova+.