ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 15:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 “Nihagira umwe muri bene wanyu acika mworo iwawe muri kimwe mu bisagara vyawe, mu gihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe, ntuze ukomantaze umutima wawe canke ngo upfumbate igipfunsi* imbere ya mwene wanyu mworo+.

  • Yesaya 29:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 abinjiza umuntu mu gicumuro biciye kw’ijambo ryiwe+, n’abatega umutego uwukangira mw’irembo+, n’abahindira ku ruhande umugororotsi bakoresheje ivyiyumviro ata co bimaze+.

  • Ezekiyeli 22:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Muri wewe bakiriye igiturire kugira ngo basese amaraso+. Wakiriye inyungu+, uguranira kwunguka+, kandi mu bukazi uguma wungukira+ kuri bagenzawe ukoresheje ubugunge+, nanje ukaba waranyibagiye+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

  • Amosi 2:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Bahezagirika bipfuza kubona umukungugu w’isi ku mutwe w’abantu batobato+; bacisha ku ruhande inzira y’abatekereza+; kandi umuhungu na se ba giye ku mukobwa umwe+, mu ntumbero yo guhumanya izina ryanje ryeranda+.

  • Yakobo 2:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Mugabo mwebwe mwaratetereje umworo. Mbega abatunzi si bo babahahaza+, vyongeye bakababuruta babajana imbere y’amasentare+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika