ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 15:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Samweli na we avuga ati: “Mbega Yehova ahimbarwa n’amashikanwa aturirwa+ be n’ibimazi kuruta kugamburuka ijwi rya Yehova? Erega kugamburuka+ kuruta ikimazi+, kwumvira kukaruta ibinure+ vy’impfizi z’intama;

  • Zaburi 50:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  8 Singukangira ku vyerekeye ibimazi vyawe+

      Canke amashikanwa yawe aturirwa yama imbere yanje+.

  • Zaburi 51:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Kuko udahimbarwa n’ikimazi, ahandiho nari kugitanga+;

      Ntuhimbarwa n’ishikanwa riturirwa uko ryakabaye+.

  • Yesaya 1:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 “Ibimazi vyanyu vyinshi bimariye iki?”, ni ko Yehova avuga. “Mpāze amashikanwa aturirwa uko yakabaye+ y’impfizi z’intama+ n’ibinure vy’ibitungwa vyagaburiwe neza+; kandi simpimbarwa+ n’amaraso+ y’ibimasa n’imyagazi y’intama y’amasuguru be n’amasuguru y’impene+.

  • Yesaya 40:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Mbere na Libani ntihagije ku kuzigama umuriro ngo ugume waka, n’ibikoko vyo mw’ishamba+ vyaho ntibihagije ku gutanga ishikanwa riturirwa+.

  • Hoseya 6:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kuko mpimbarwa n’ubuntu bwuzuye urukundo+, si ibimazi+; kandi mpimbarwa n’ukumenya Imana aho guhimbarwa n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika