ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 40:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  6 Ibimazi n’amashikanwa ntivyaguhimbaye+;

      Aya matwi yanje warayazibūye+.

      Amashikanwa aturirwa be n’amashikanwa y’igicumuro nta yo wasavye+.

  • Zaburi 50:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  8 Singukangira ku vyerekeye ibimazi vyawe+

      Canke amashikanwa yawe aturirwa yama imbere yanje+.

  • Yesaya 1:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 “Ibimazi vyanyu vyinshi bimariye iki?”, ni ko Yehova avuga. “Mpāze amashikanwa aturirwa uko yakabaye+ y’impfizi z’intama+ n’ibinure vy’ibitungwa vyagaburiwe neza+; kandi simpimbarwa+ n’amaraso+ y’ibimasa n’imyagazi y’intama y’amasuguru be n’amasuguru y’impene+.

  • Yeremiya 7:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Kuko ata co navuganye na ba sogokuruza banyu canke ngo ngire ico ndabategetse, ku musi nabakura mu gihugu ca Misiri, ku bijanye n’ishikanwa riturirwa uko ryakabaye be n’ikimazi+.

  • Amosi 5:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Mugabo nimwanshikanira amashikanwa aturirwa uko yakabaye+, amashikanwa yanyu ntazompimbara+, n’ibimazi vyanyu vy’ugusangira vy’ibitungwa bikiri bito binuze sinzobiraba n’ijisho+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika