Abalewi 26:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 nanje rero ibi ni vyo nzobagirira: mu kubahana nzobateza uruhagarara rw’igituntu+ n’inyonko iturira, bitume amaso yanyu agwabira+, mugoyagoye+. Muzobibira imbuto yanyu ubusa gusa, kuko abansi banyu batazobura kuyirya bakayirigata+. Gusubira mu vyagezwe 28:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Yehova azotuma ikiza kikwumirako gushika agutikije ku butaka uriko urajamwo ngo ubwigarurire+. Yesaya 1:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Ni hehe handi muzokubitwa+, ko mwongerako ubundi bugarariji+? Umutwe wose urarwaye, kandi umutima wose uragoyagoya+. Ivyakozwe 12:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Ako kanya nyene umumarayika wa Yehova aramukubita+, kuko atari yahaye ubuninahazwa Imana+; aca arigitwa n’inyo, aracikana.
16 nanje rero ibi ni vyo nzobagirira: mu kubahana nzobateza uruhagarara rw’igituntu+ n’inyonko iturira, bitume amaso yanyu agwabira+, mugoyagoye+. Muzobibira imbuto yanyu ubusa gusa, kuko abansi banyu batazobura kuyirya bakayirigata+.
5 Ni hehe handi muzokubitwa+, ko mwongerako ubundi bugarariji+? Umutwe wose urarwaye, kandi umutima wose uragoyagoya+.
23 Ako kanya nyene umumarayika wa Yehova aramukubita+, kuko atari yahaye ubuninahazwa Imana+; aca arigitwa n’inyo, aracikana.