5 Ku bw’ivyo, ntihagire ico mucira urubanza+ igihe kitaragera, gushika Umukama aje+, umwe azozana ku muco ibintu vy’ibanga vy’umwiza+ akongera agashira ahabona inama zo mu mitima+, ni ho umwe wese azoronka ugushimagizwa kwiwe kuva ku Mana+.
10 igihe azoza kuninahazwa mu bijanye n’aberanda biwe+ kandi kuri uwo musi agatangarirwa mu bijanye n’abizeye bose, kubera ko intahe twashinze yakiranywe ukwizera muri mwebwe.