1 Abami 22:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Nuko umwami wa Isirayeli akoraniriza hamwe abahanuzi+, abagabo nk’amajana ane, maze ababwira ati: “Ngende gutera Ramoti-gileyadi mu ntambara, canke ndeke?” Na bo batangura kuvuga bati: “Duga+, kandi Yehova azohatanga mu kuboko kw’umwami.” Yesaya 9:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Umusaza akaba n’uwubahwa cane ni we mutwe+, nayo umuhanuzi atanga inyigisho y’ikinyoma ni we murizo+. Yeremiya 6:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Kandi bagerageza gukiza bimwe vy’indenzirenzi ugusenyuka kw’abantu banje+, bakavuga bati: ‘Hari amahoro! Hari amahoro!’, kandi ata mahoro ariho+. Ezekiyeli 13:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Baragowe abahanuzi b’ibijuju+ bagenda bakurikira umutima wabo bwite+, kandi ata co babonye+! 1 Yohani 4:1 Bibiliya y’isi nshasha 4 Bakundwa, ntimwemere ijambo ry’irihumekano ryose+, mugabo mugeze amajambo y’amahumekano murabe ko akomoka ku Mana+, kuko abahanuzi b’ikinyoma benshi badutse mw’isi+.
6 Nuko umwami wa Isirayeli akoraniriza hamwe abahanuzi+, abagabo nk’amajana ane, maze ababwira ati: “Ngende gutera Ramoti-gileyadi mu ntambara, canke ndeke?” Na bo batangura kuvuga bati: “Duga+, kandi Yehova azohatanga mu kuboko kw’umwami.”
15 Umusaza akaba n’uwubahwa cane ni we mutwe+, nayo umuhanuzi atanga inyigisho y’ikinyoma ni we murizo+.
14 Kandi bagerageza gukiza bimwe vy’indenzirenzi ugusenyuka kw’abantu banje+, bakavuga bati: ‘Hari amahoro! Hari amahoro!’, kandi ata mahoro ariho+.
3 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Baragowe abahanuzi b’ibijuju+ bagenda bakurikira umutima wabo bwite+, kandi ata co babonye+!
4 Bakundwa, ntimwemere ijambo ry’irihumekano ryose+, mugabo mugeze amajambo y’amahumekano murabe ko akomoka ku Mana+, kuko abahanuzi b’ikinyoma benshi badutse mw’isi+.