Yesaya 42:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Yehova azosohoka nk’umunyenkomezi+. Azokangura umwete wiwe nk’umurwanyi+. Azovuza akaruru, egome, azorekura akaruru k’intambara+; ku bansi biwe, azokwerekana ko ari we munyenkomezi+. Yesaya 49:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Ntibazosonza+, eka ntibazonyoterwa+, eka kandi ubushuhe bugatura canke izuba ntibizobakubita+. Kuko Umwe abumvira ikigongwe ari we azobayobora+, kandi azobarongōra iruhande y’imbizi z’amazi+. Yesaya 52:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Kuko muzosohoka ata guta umutwe, mukagenda ata guhunga+. Kuko Yehova azoba agendera imbere yanyu+, kandi Imana ya Isirayeli izobabera abacunzi b’inyuma+. Zakariya 9:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Yehova azoboneka hejuru yabo+, kandi umwampi wiwe uzofyiruka nk’umuravyo+. Umukama Segaba Yehova ubwiwe azovuza inzamba+, ajane n’ibirura vy’umuyaga vyo mu bumanuko+. Zakariya 10:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Emwe, bazomera nk’abagabo b’abanyenkomezi+ bahonyanga mu rwondo rwo mu mabarabara mu rugamba+. Bazoja mu rugamba ata kabuza, kuko Yehova ari kumwe na bo+; kandi abagendera ku mafarasi ntibazobura kumaramara+.
13 Yehova azosohoka nk’umunyenkomezi+. Azokangura umwete wiwe nk’umurwanyi+. Azovuza akaruru, egome, azorekura akaruru k’intambara+; ku bansi biwe, azokwerekana ko ari we munyenkomezi+.
10 Ntibazosonza+, eka ntibazonyoterwa+, eka kandi ubushuhe bugatura canke izuba ntibizobakubita+. Kuko Umwe abumvira ikigongwe ari we azobayobora+, kandi azobarongōra iruhande y’imbizi z’amazi+.
12 Kuko muzosohoka ata guta umutwe, mukagenda ata guhunga+. Kuko Yehova azoba agendera imbere yanyu+, kandi Imana ya Isirayeli izobabera abacunzi b’inyuma+.
14 Yehova azoboneka hejuru yabo+, kandi umwampi wiwe uzofyiruka nk’umuravyo+. Umukama Segaba Yehova ubwiwe azovuza inzamba+, ajane n’ibirura vy’umuyaga vyo mu bumanuko+.
5 Emwe, bazomera nk’abagabo b’abanyenkomezi+ bahonyanga mu rwondo rwo mu mabarabara mu rugamba+. Bazoja mu rugamba ata kabuza, kuko Yehova ari kumwe na bo+; kandi abagendera ku mafarasi ntibazobura kumaramara+.