28 Ntizizokwongera gucika ikintu co gusahurwa n’amahanga+; kandi igikoko co kw’isi ntikizozirotsa, kandi zizokwibera vy’ukuri mu mutekano, ata n’umwe azijugumiza+.
18 Kuri uwo musi, nzogirana isezerano n’igikoko co mu gahinga+ n’ikiremwa kiguruka co mu kirere n’igikwega inda hasi co ku butaka ku bwabo; kandi umuheto n’inkota n’intambara nzobivunagura ndabikure mu gihugu+, ntume baryama mu mutekano+.
17 kuko wa Mwagazi w’intama+ ari hagati ya ya ntebe y’ubwami azobaragira+, kandi azobarongora ku masôko y’amazi+ y’ubuzima. Kandi Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo+.”