ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 34:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Ntizizokwongera gucika ikintu co gusahurwa n’amahanga+; kandi igikoko co kw’isi ntikizozirotsa, kandi zizokwibera vy’ukuri mu mutekano, ata n’umwe azijugumiza+.

  • Hoseya 2:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kuri uwo musi, nzogirana isezerano n’igikoko co mu gahinga+ n’ikiremwa kiguruka co mu kirere n’igikwega inda hasi co ku butaka ku bwabo; kandi umuheto n’inkota n’intambara nzobivunagura ndabikure mu gihugu+, ntume baryama mu mutekano+.

  • Mika 4:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Emwe, bazokwicara umwe wese munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni+, kandi nta n’umwe azobajugumiza+; kuko akanwa nyene ka Yehova nyen’ingabo* kabivuze+.

  • Ivyahishuwe 7:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 kuko wa Mwagazi w’intama+ ari hagati ya ya ntebe y’ubwami azobaragira+, kandi azobarongora ku masôko y’amazi+ y’ubuzima. Kandi Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika