Abalewi 26:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Kandi ikubita ryanyu rizoshika kw’isarura ryanyu ry’inzabibu, n’isarura ry’inzabibu rishike kw’ibiba ry’imbuto. Emwe, muzorya umukate wanyu muhage+, mwibere mu mutekano mu gihugu canyu+. Yeremiya 23:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Mu misi yiwe Yuda izokizwa+, kandi Isirayeli izokwibera mu mutekano+. Iri ni ryo zina azokwitwa: Yehova ni ubugororotsi bwacu+.” Ezekiyeli 34:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 “‘“Nzogirana na zo isezerano ry’amahoro+, nzimanganye mu gihugu ibikoko biryana+, kandi zizokwibera vy’ukuri mu gahinga mu mutekano, zisinzire zibereye mu bibira+. Mika 4:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Emwe, bazokwicara umwe wese munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni+, kandi nta n’umwe azobajugumiza+; kuko akanwa nyene ka Yehova nyen’ingabo* kabivuze+.
5 Kandi ikubita ryanyu rizoshika kw’isarura ryanyu ry’inzabibu, n’isarura ry’inzabibu rishike kw’ibiba ry’imbuto. Emwe, muzorya umukate wanyu muhage+, mwibere mu mutekano mu gihugu canyu+.
6 Mu misi yiwe Yuda izokizwa+, kandi Isirayeli izokwibera mu mutekano+. Iri ni ryo zina azokwitwa: Yehova ni ubugororotsi bwacu+.”
25 “‘“Nzogirana na zo isezerano ry’amahoro+, nzimanganye mu gihugu ibikoko biryana+, kandi zizokwibera vy’ukuri mu gahinga mu mutekano, zisinzire zibereye mu bibira+.
4 Emwe, bazokwicara umwe wese munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni+, kandi nta n’umwe azobajugumiza+; kuko akanwa nyene ka Yehova nyen’ingabo* kabivuze+.