Yesaya 1:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 “Ibimazi vyanyu vyinshi bimariye iki?”, ni ko Yehova avuga. “Mpāze amashikanwa aturirwa uko yakabaye+ y’impfizi z’intama+ n’ibinure vy’ibitungwa vyagaburiwe neza+; kandi simpimbarwa+ n’amaraso+ y’ibimasa n’imyagazi y’intama y’amasuguru be n’amasuguru y’impene+. Yeremiya 6:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 “Bimariye iki kuba uzana imibavu ya olibani uyikuye i Sheba+, na kanehe* nziza uyikuye mu gihugu ca kure? Amashikanwa yanyu aturirwa uko yakabaye ntampimbara+, kandi ibimazi vyanyu ntibinezera+.” Yeremiya 14:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Igihe bisonzesha, sinumviriza akamo kabo k’ukwinginga+; kandi igihe bashikana ishikanwa riturirwa uko ryakabaye n’ishikanwa ry’intete, ntibimpimbara+; kuko ngira ndabamarishe inkota n’ikigoyi n’ikiza+.” Amosi 5:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Imisi mikuru yanyu ndayanse+, ndayizinutswe, kandi sinzoryoherwa n’akamoto k’amakoraniro yanyu y’agakūra+.
11 “Ibimazi vyanyu vyinshi bimariye iki?”, ni ko Yehova avuga. “Mpāze amashikanwa aturirwa uko yakabaye+ y’impfizi z’intama+ n’ibinure vy’ibitungwa vyagaburiwe neza+; kandi simpimbarwa+ n’amaraso+ y’ibimasa n’imyagazi y’intama y’amasuguru be n’amasuguru y’impene+.
20 “Bimariye iki kuba uzana imibavu ya olibani uyikuye i Sheba+, na kanehe* nziza uyikuye mu gihugu ca kure? Amashikanwa yanyu aturirwa uko yakabaye ntampimbara+, kandi ibimazi vyanyu ntibinezera+.”
12 Igihe bisonzesha, sinumviriza akamo kabo k’ukwinginga+; kandi igihe bashikana ishikanwa riturirwa uko ryakabaye n’ishikanwa ry’intete, ntibimpimbara+; kuko ngira ndabamarishe inkota n’ikigoyi n’ikiza+.”
21 Imisi mikuru yanyu ndayanse+, ndayizinutswe, kandi sinzoryoherwa n’akamoto k’amakoraniro yanyu y’agakūra+.