ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 38:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Yuda abwira Onani rero ati: “Ryamana n’umugore wa mwene wanyu, umucure, maze uhagurukirize uruvyaro mwene wanyu+.”

  • Gusubira mu vyagezwe 25:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 “Mu gihe abavukana babana maze umwe muri bo agapfa ata gahungu agira, umugore w’uwo apfuye ntaze yabirwe hanze n’umugabo w’ahandi. Muramuwe aze agende aho ari amwabire, acure umugore wa mwene wabo+.

  • Rusi 1:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ariko Nawomi avuga ati: “Subire inyuma, bakobwa banje. Kubera iki mwojana nanje? Mbega hari abahungu ngifise mu nda, ngo baze babe abagabo banyu+?

  • Rusi 3:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Rara ng’aha iri joro, maze mu gitondo niyagucungura+, bizoba ari vyiza! Agucungure. Ariko nibitamuhimbara kugucungura, nzoca ndagucungura jewe ubwanje, ndahiye ukubaho kwa Yehova+. Nuryame gushika mu gitondo.”

  • Mariko 12:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 “Mwigisha, Musa yatwandikiye yuko mwene wabo n’umuntu niyapfa agasiga umugore ariko ntasige umwana, ko mwene wabo+ akwiye kwabira nya mugore, agahagurukiriza uruvyaro mwene wabo kuri nya mugore+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika