Matayo 26:64 Bibiliya y’isi nshasha 64 Yezu amubwira+ ati: “Wewe ubwawe urabivuze+. Yamara ndabibabwiye: Guhera ubu+ muzobona Umwana w’umuntu+ yicaye iburyo+ bw’ububasha aza ku bicu vyo kw’ijuru+.” Luka 21:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Maze bazobona Umwana w’umuntu+ aza mu gicu ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi+. Ivyahishuwe 1:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Ehe ariko arazanana n’ibicu+, kandi ijisho ryose rizomubona+, n’abamucumise bazomubona+; kandi imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza yishwe n’intuntu kubera we+. Egome, Amen. Ivyahishuwe 14:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Hanyuma ngize ntya, mbona igicu cera, kandi kuri nya gicu hari hicaye umuntu ameze nk’umwana w’umuntu+, ari n’urugori rw’inzahabu+ ku mutwe wiwe n’agakero gakarishe mu kuboko kwiwe.
64 Yezu amubwira+ ati: “Wewe ubwawe urabivuze+. Yamara ndabibabwiye: Guhera ubu+ muzobona Umwana w’umuntu+ yicaye iburyo+ bw’ububasha aza ku bicu vyo kw’ijuru+.”
7 Ehe ariko arazanana n’ibicu+, kandi ijisho ryose rizomubona+, n’abamucumise bazomubona+; kandi imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza yishwe n’intuntu kubera we+. Egome, Amen.
14 Hanyuma ngize ntya, mbona igicu cera, kandi kuri nya gicu hari hicaye umuntu ameze nk’umwana w’umuntu+, ari n’urugori rw’inzahabu+ ku mutwe wiwe n’agakero gakarishe mu kuboko kwiwe.