Kuvayo 12:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Bwira ikoraniro ryose rya Isirayeli muti: ‘Ku musi ugira cumi w’uku kwezi baze bitorere umwe wese intama+ ku bw’inzu ya ba sekuruza, intama kuri buri nzu. Abalewi 23:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira cumi na kane wa nya kwezi+, hagati ya ya migoroba ibiri, ni pasika*+ ya Yehova. Yohani 13:1 Bibiliya y’isi nshasha 13 Yezu rero, kubera ko yari azi imbere y’umusi mukuru wa pasika yuko isaha yiwe yari igeze+ y’uko ava muri iyi si akaja kwa Se+, kubera yari yarakunze abiwe bari mw’isi+, yarabakunze gushika kw’iherezo. 1 Abakorinto 5:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Nimukureho umwambiro ushaje+, kugira mube irobe rishasha, nk’uko mutagiramwo umwambiro. Kuko vy’ukuri, Kristu+ we pasika*+ yacu yaratanzweko ikimazi+.
3 Bwira ikoraniro ryose rya Isirayeli muti: ‘Ku musi ugira cumi w’uku kwezi baze bitorere umwe wese intama+ ku bw’inzu ya ba sekuruza, intama kuri buri nzu.
5 Mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira cumi na kane wa nya kwezi+, hagati ya ya migoroba ibiri, ni pasika*+ ya Yehova.
13 Yezu rero, kubera ko yari azi imbere y’umusi mukuru wa pasika yuko isaha yiwe yari igeze+ y’uko ava muri iyi si akaja kwa Se+, kubera yari yarakunze abiwe bari mw’isi+, yarabakunze gushika kw’iherezo.
7 Nimukureho umwambiro ushaje+, kugira mube irobe rishasha, nk’uko mutagiramwo umwambiro. Kuko vy’ukuri, Kristu+ we pasika*+ yacu yaratanzweko ikimazi+.