ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Daniyeli 7:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 “‘Maze ubwami n’ubutware n’ubukuru bw’ubwami buri munsi y’amajuru yose, bihabwa abantu beranda ba Rudasumbwa+. Ubwami bwabo ni ubwami bwamaho igihe kitagira urugero+, kandi ubutware bwose ni bo buzokorera, bubagamburukire+.’

  • Luka 12:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 “Ntimutinye+, mwa busho buto+, kuko So yashimye kubaha ubwami+.

  • 2 Timoteyo 2:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 nitwabandanya kwihangana, tuzoganzanya kandi na we+; nitwamwihakana+, na we azotwihakana;

  • Abaheburayo 12:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Ku bw’ivyo, ko tubwirizwa kuronka ubwami budashobora kunyiganyizwa+, tubandanye kugira ubuntu ata wari abukwiriye, ubudushoboza gukorera Imana igikorwa ceranda mu buryo bwemerwa, dufise ugutinya Imana n’akoba+. 

  • Yakobo 2:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Nimwumvirize, bene wacu bakundwa. Mbega Imana ntiyatoye aboro+ mu vy’isi ngo babe abatunzi+ mu kwizera na ba samuragwa b’ubwami, ubwo yasezeraniye abayikunda+?

  • Ivyahishuwe 1:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 kandi yatugize ubwami+, abaherezi+ ku Mana yiwe ikaba na Data—egome, ubuninahazwa n’ubushobozi bibe ivyiwe ibihe vyose+. Amen.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika