2 Ngoma 7:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 maze abantu banje+ bitiriwe izina ryanje+ bakicisha bugufi+ bagasenga+, bakarondera mu maso hanje+ bagahindukira bakava mu nzira zabo mbi+, nzokwumva rero ndi mu majuru+, mbabarire igicumuro cabo+, nkize igihugu cabo+. Zaburi 32:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Igicumuro canje naratevye ndakikwaturira, kandi ikosa ryanje sinaripfutse+.Navuze nti: “Nzokwaturira Yehova ibigabitanyo vyanje+.”Nawe warahariye ikosa ry’ibicumuro vyanje+. Sela. Imigani 28:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Uwupfuka ibigabitanyo vyiwe ntazororanirwa+, mugabo uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa imbabazi+. Luka 18:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Mugabo wa mutozakori, ahagaze nka hariya, ntiyagomba no kuraramura amaso yiwe ngo arabe mw’ijuru, mugabo aguma yikubita ku gikiriza+, avuga ati: ‘Ewe Mana, ngirira impuhwe jewe umucumuzi+.’ 1 Yohani 1:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Iyo twemeye icese ibicumuro vyacu+, Imana ni inyizigirwa ikaba n’iyigororotse kugira ngo itubabarire ibicumuro vyacu yongere itwoze ukutagororoka kwose+.
14 maze abantu banje+ bitiriwe izina ryanje+ bakicisha bugufi+ bagasenga+, bakarondera mu maso hanje+ bagahindukira bakava mu nzira zabo mbi+, nzokwumva rero ndi mu majuru+, mbabarire igicumuro cabo+, nkize igihugu cabo+.
5 Igicumuro canje naratevye ndakikwaturira, kandi ikosa ryanje sinaripfutse+.Navuze nti: “Nzokwaturira Yehova ibigabitanyo vyanje+.”Nawe warahariye ikosa ry’ibicumuro vyanje+. Sela.
13 Uwupfuka ibigabitanyo vyiwe ntazororanirwa+, mugabo uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa imbabazi+.
13 Mugabo wa mutozakori, ahagaze nka hariya, ntiyagomba no kuraramura amaso yiwe ngo arabe mw’ijuru, mugabo aguma yikubita ku gikiriza+, avuga ati: ‘Ewe Mana, ngirira impuhwe jewe umucumuzi+.’
9 Iyo twemeye icese ibicumuro vyacu+, Imana ni inyizigirwa ikaba n’iyigororotse kugira ngo itubabarire ibicumuro vyacu yongere itwoze ukutagororoka kwose+.