Matayo 26:74 Bibiliya y’isi nshasha 74 Maze atangura kurahira yisiba ati: “Uwo muntu sindamuzi!” Buno nyene isake irabika+. Mariko 14:72 Bibiliya y’isi nshasha 72 Buno nyene isake irabika ubugira kabiri+; Petero aca yibuka ijambo Yezu yari yamubwiye ati: “Imbere y’uko isake ibika kabiri, uza kunyihakana gatatu+.” Biramwankira, araturikisha ararira+. Luka 22:60 Bibiliya y’isi nshasha 60 Mugabo Petero avuga ati: “Wa muntu we, sinzi ivyo uriko uravuga.” Ako kanya nyene, akiriko aravuga, isake irabika+. Yohani 13:38 Bibiliya y’isi nshasha 38 Yezu yishura ati: “Uzonyigura? Ni ukuri kwose ndabikubwiye: Isake ntigenda ibitse utaranyihakana gatatu+.”
72 Buno nyene isake irabika ubugira kabiri+; Petero aca yibuka ijambo Yezu yari yamubwiye ati: “Imbere y’uko isake ibika kabiri, uza kunyihakana gatatu+.” Biramwankira, araturikisha ararira+.
60 Mugabo Petero avuga ati: “Wa muntu we, sinzi ivyo uriko uravuga.” Ako kanya nyene, akiriko aravuga, isake irabika+.
38 Yezu yishura ati: “Uzonyigura? Ni ukuri kwose ndabikubwiye: Isake ntigenda ibitse utaranyihakana gatatu+.”