Matayo 17:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Akiriko aravuga, haza igicu cakaka kibatwikiriza igitutu caco, maze humvikana ijwi rivuye muri nya gicu, rivuga riti: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye+; nimumwumvirize+.” Mariko 1:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 maze ijwi riva mw’ijuru riti: “Uri Umwana wanje, umukundwa; naragushimye+.” Yohani 8:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Ni jewe nishingira intahe, kandi na Data yandungitse aranshingira intahe+.” Yohani 12:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Yezu yishura ati: “Iryo jwi ntiryumvikanye ku bwanje, ahubwo ryumvikanye ku bwanyu+. 1 Yohani 5:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Nimba twakira intahe abantu bashinga+, intahe Imana ishinga irahambaye kuruta, kuko iyi ari yo ntahe Imana ishinga: ukuba yashinze intahe+ ku vyerekeye Umwana wayo.
5 Akiriko aravuga, haza igicu cakaka kibatwikiriza igitutu caco, maze humvikana ijwi rivuye muri nya gicu, rivuga riti: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye+; nimumwumvirize+.”
9 Nimba twakira intahe abantu bashinga+, intahe Imana ishinga irahambaye kuruta, kuko iyi ari yo ntahe Imana ishinga: ukuba yashinze intahe+ ku vyerekeye Umwana wayo.