Matayo 20:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Ukwo si ko bimeze muri mwebwe+; mugabo uwo wese ashaka gucika mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+, Luka 9:48 Bibiliya y’isi nshasha 48 hanyuma ababwira ati: “Uwo wese yakiriye uyu mwana mutoyi mw’izina ryanje, na jewe aba anyakiriye, kandi uwo wese anyakiriye aba yakiriye n’uwantumye+. Kuko uwigenza nk’umuto+ muri mwebwe mwese ari we mukuru+.” Luka 22:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Ariko mweho ntimukwiye kumera gutyo+. Mugabo umukuru muri mwebwe nacike nk’umutoyi+, uwutegeka na we acike nk’uwukora+. Abaroma 12:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Mu vy’urukundo rwa kivukanyi+ mugiriranire ikibabarwe. Mu vyo guterana iteka+ mube aba mbere. Abagalatiya 5:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Kukaba nkako, mwahamagariwe umwidegemvyo+, bavukanyi bacu; kimwe gusa, ntimukoreshe uwo mwidegemvyo nk’akaryo ko gukabura umubiri+, ahubwo nimushumbiranire+ bivuye ku rukundo. 1 Petero 5:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Namwe basore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere+ abagabo b’inararibonye. Mugabo mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira+, kuko Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.
26 Ukwo si ko bimeze muri mwebwe+; mugabo uwo wese ashaka gucika mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+,
48 hanyuma ababwira ati: “Uwo wese yakiriye uyu mwana mutoyi mw’izina ryanje, na jewe aba anyakiriye, kandi uwo wese anyakiriye aba yakiriye n’uwantumye+. Kuko uwigenza nk’umuto+ muri mwebwe mwese ari we mukuru+.”
26 Ariko mweho ntimukwiye kumera gutyo+. Mugabo umukuru muri mwebwe nacike nk’umutoyi+, uwutegeka na we acike nk’uwukora+.
13 Kukaba nkako, mwahamagariwe umwidegemvyo+, bavukanyi bacu; kimwe gusa, ntimukoreshe uwo mwidegemvyo nk’akaryo ko gukabura umubiri+, ahubwo nimushumbiranire+ bivuye ku rukundo.
5 Namwe basore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere+ abagabo b’inararibonye. Mugabo mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira+, kuko Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.