Yohani 13:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Yezu amubwira ati: “Uwiyuhagiye+ nta kindi aba akeneye kwozwa atari ibirenge, mugabo aba atyoroye wese. Kandi mwebwe muratyoroye, ariko si mwese.” Yohani 17:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Ubeze+ biciye ku kuri; ijambo+ ryawe ni ukuri+. Ivyakozwe 15:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kandi nta tandukaniro na ritoyi yagize hagati yacu na bo+, mugabo yatyoroje imitima yabo ukwizera+. 1 Petero 1:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Ubu ko mwatyoroye+ ubuzima bwanyu biciye ku kugamburukira ukuri, bikavamwo ukwiyumvamwo abavukanyi kutagiramwo ubwiyorobetsi+, mukundane cane bivuye ku mutima+.
10 Yezu amubwira ati: “Uwiyuhagiye+ nta kindi aba akeneye kwozwa atari ibirenge, mugabo aba atyoroye wese. Kandi mwebwe muratyoroye, ariko si mwese.”
9 Kandi nta tandukaniro na ritoyi yagize hagati yacu na bo+, mugabo yatyoroje imitima yabo ukwizera+.
22 Ubu ko mwatyoroye+ ubuzima bwanyu biciye ku kugamburukira ukuri, bikavamwo ukwiyumvamwo abavukanyi kutagiramwo ubwiyorobetsi+, mukundane cane bivuye ku mutima+.