Zaburi 22:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Nayo abambona bose, bantwengera mw’ijigo+;Baguma bataburura iminwa, baguma bazunza umutwe, ngo+: Zaburi 22:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Kuko imbwa zinkikuje+;Ikoraniro ry’inkozi z’ikibi riranzitiye+.Nka kurya kw’intambwe, bari ku maboko yanje no ku birenge vyanje+. Zaburi 35:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Ese ababaye abansi banje ata mvo batonyigambako+;Nayo abanyankira ubusa, ntibavune urugohe+. Yesaya 50:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Umugongo wanje nawuhaye abankubita, amatama+ yanje na yo abashikura ubwanwa. Mu maso hanje sinahahishije ibintu bitetereza be n’igikororwa+. Yesaya 53:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Mugabo yaracumitwa+ azira ukugabitanya kwacu+; yarajanjagurwa azira amakosa yacu+. Uguhanwa kwo kutuzanira amahoro kwari kuri we+, kandi kubera ibikomere vyiwe+ twarashoboye gukira+.
16 Kuko imbwa zinkikuje+;Ikoraniro ry’inkozi z’ikibi riranzitiye+.Nka kurya kw’intambwe, bari ku maboko yanje no ku birenge vyanje+.
6 Umugongo wanje nawuhaye abankubita, amatama+ yanje na yo abashikura ubwanwa. Mu maso hanje sinahahishije ibintu bitetereza be n’igikororwa+.
5 Mugabo yaracumitwa+ azira ukugabitanya kwacu+; yarajanjagurwa azira amakosa yacu+. Uguhanwa kwo kutuzanira amahoro kwari kuri we+, kandi kubera ibikomere vyiwe+ twarashoboye gukira+.