Imigani 20:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Ntuvuge ngo: “Nzokwishura umuntu ikibi+!” Niwizigire Yehova+, na we azogukiza+. Matayo 5:39 Bibiliya y’isi nshasha 39 Ariko jewe ndababwiye nti: Nturwanye umuntu mubi; mugabo uwo wese agukubise ikofe kw’itama+ ry’i buryo, muhindukirize n’irindi. Abaroma 12:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi+. Mukore ivyiza mu maso y’abantu bose. 1 Abatesalonika 5:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Murabe ntihagire uwishura uwundi ikibi ku kindi+, ahubwo mwame mukurikirana iciza ku bijanye na bagenzi banyu no ku bandi bose+. 1 Petero 3:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 ata kwishura ikibi ku kindi+ canke igitutsi ku kindi+, ahubwo muhezagire+, kuko mwahamagariwe iyo nzira, kugira ngo mutorane umuhezagiro.
39 Ariko jewe ndababwiye nti: Nturwanye umuntu mubi; mugabo uwo wese agukubise ikofe kw’itama+ ry’i buryo, muhindukirize n’irindi.
15 Murabe ntihagire uwishura uwundi ikibi ku kindi+, ahubwo mwame mukurikirana iciza ku bijanye na bagenzi banyu no ku bandi bose+.
9 ata kwishura ikibi ku kindi+ canke igitutsi ku kindi+, ahubwo muhezagire+, kuko mwahamagariwe iyo nzira, kugira ngo mutorane umuhezagiro.