Matayo 8:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Yezu amubwira ati: “Guma unkurikira, ureke abapfu bahambe abapfu babo+.” Abakolosayi 2:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ikigeretseko, naho mwari mwarapfiriye mu makosa yanyu no mu kutagenyerwa kw’umubiri wanyu, Imana yarabagize bazima hamwe na we+. Yaratubabariye n’umutima mwiza amakosa yacu yose+, 1 Timoteyo 5:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Mugabo uwihebera ukuryoherwa kw’umubiri+ aba yarapfuye+ naho ari muzima. 1 Petero 4:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Nkako, ico ni co catumye inkuru nziza imenyeshwa no ku bapfuye+, kugira ngo bacirwe urubanza ku bijanye n’umubiri nk’uko abantu babona ibintu+, mugabo babeho ku bijanye n’impwemu+ nk’uko Imana ibona ibintu.
13 Ikigeretseko, naho mwari mwarapfiriye mu makosa yanyu no mu kutagenyerwa kw’umubiri wanyu, Imana yarabagize bazima hamwe na we+. Yaratubabariye n’umutima mwiza amakosa yacu yose+,
6 Nkako, ico ni co catumye inkuru nziza imenyeshwa no ku bapfuye+, kugira ngo bacirwe urubanza ku bijanye n’umubiri nk’uko abantu babona ibintu+, mugabo babeho ku bijanye n’impwemu+ nk’uko Imana ibona ibintu.