2 Yehova abwira Musa ati: “Barira Aroni mwene wanyu, ntaze arinjira ibihe vyose ha hantu heranda+ inyuma y’irido+, imbere ya wa murumyo uri kw’Isandugu, kugira ntapfe+, kuko nzoseruka mu gicu+ hejuru ya nya murumyo+.
7 mugabo mu gihimba kigira kabiri umuherezi mukuru ni we wenyene yinjirayo rimwe mu mwaka+, atibagiye amaraso+, ayo ashikana ku bwiwe+ no ku bw’ibicumuro abantu bakoze ku kutamenya+.