ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yohani 17:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Data, ku co wampaye, nshaka yuko aho ndi, na bo haba ari ho baba kumwe nanje+, kugira ngo babone ubuninahazwa bwanje wampaye, kubera ko wankunze imbere y’ishingwa+ ry’isi+.

  • Abaroma 8:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Nimba rero turi abana, turi na ba samuragwa: ba samuragwa koko b’Imana, mugabo tukaba abaraganwa+ na Kristu, dukire gusa kubabarana+ na we kugira ngo kandi tuninahazanywe na we+.

  • 1 Abakorinto 15:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Mugabo umwe wese mu mwanya wiwe bwite: Kristu ni we mushuzo+, hanyuma aba Kristu mu gihe c’ukuhaba* kwiwe+.

  • Abafilipi 1:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Ivyo bibiri birandemera+; mugabo ico nipfuza koko ni ukubohorwa be n’ukubana na Kristu+, kuko nkako ico ari co kirushirije kuba ciza+.

  • 1 Abatesalonika 4:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 kuko Umukama ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru+ n’akamo k’ugutegeka, n’ijwi ry’umumarayika mukuru+ be n’urumbete rw’Imana+, maze abapfiriye muri Kristu bazobanza kuzuka+.

  • 2 Timoteyo 4:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Kuva ubu, mbikiwe urugori rw’ubugororotsi+, urwo Umukama, wa mucamanza agororotse+, azompa bwa mpembo+ kuri wa musi+, yamara si jewe jenyene, ahubwo ruzohabwa n’abo bose bakunze ukwigaragaza kwiwe.

  • Abaheburayo 10:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Rero ga bene wacu, ko dufise ubutinyutsi bwo guca mu nzira yinjira+ ahantu heranda+ biciye ku maraso ya Yezu,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika