Itanguriro 49:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Agakoni k’ubutware ntikazova kuri Yuda+, eka n’inkoni ya kizigenza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, gushika Shilo aje+; ni we ibisata vy’abantu bizogamburukira+. Zaburi 21:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Kuko wamusanganije imihezagiro y’ivyiza+,Ugashira kandi ku mutwe wiwe urugori rw’inzahabu ityoroye+. Ezekiyeli 21:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Nzokigira umusaka, umusaka, umusaka+. Ico kandi, ni ukuri nta we kizokwegukira gushika haje uwubifitiye uburenganzira ahabwa n’amategeko+, kandi sinzobura kukimuha+.’ Daniyeli 7:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Maze ahabwa ubutware+ n’iteka+ n’ubwami+, kugira ngo ibisata vy’abantu, imiryango y’amahanga n’indimi vyose bimukorere+. Ubutware bwiwe ni ubutware bwamaho igihe kitagira urugero, butazovaho; ubwami bwiwe na bwo ni ubutazosenyurwa+. Ivyahishuwe 14:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Hanyuma ngize ntya, mbona igicu cera, kandi kuri nya gicu hari hicaye umuntu ameze nk’umwana w’umuntu+, ari n’urugori rw’inzahabu+ ku mutwe wiwe n’agakero gakarishe mu kuboko kwiwe.
10 Agakoni k’ubutware ntikazova kuri Yuda+, eka n’inkoni ya kizigenza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, gushika Shilo aje+; ni we ibisata vy’abantu bizogamburukira+.
3 Kuko wamusanganije imihezagiro y’ivyiza+,Ugashira kandi ku mutwe wiwe urugori rw’inzahabu ityoroye+.
27 Nzokigira umusaka, umusaka, umusaka+. Ico kandi, ni ukuri nta we kizokwegukira gushika haje uwubifitiye uburenganzira ahabwa n’amategeko+, kandi sinzobura kukimuha+.’
14 Maze ahabwa ubutware+ n’iteka+ n’ubwami+, kugira ngo ibisata vy’abantu, imiryango y’amahanga n’indimi vyose bimukorere+. Ubutware bwiwe ni ubutware bwamaho igihe kitagira urugero, butazovaho; ubwami bwiwe na bwo ni ubutazosenyurwa+.
14 Hanyuma ngize ntya, mbona igicu cera, kandi kuri nya gicu hari hicaye umuntu ameze nk’umwana w’umuntu+, ari n’urugori rw’inzahabu+ ku mutwe wiwe n’agakero gakarishe mu kuboko kwiwe.