ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 49:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Agakoni k’ubutware ntikazova kuri Yuda+, eka n’inkoni ya kizigenza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, gushika Shilo aje+; ni we ibisata vy’abantu bizogamburukira+.

  • Zaburi 21:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Kuko wamusanganije imihezagiro y’ivyiza+,

      Ugashira kandi ku mutwe wiwe urugori rw’inzahabu ityoroye+.

  • Ezekiyeli 21:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Nzokigira umusaka, umusaka, umusaka+. Ico kandi, ni ukuri nta we kizokwegukira gushika haje uwubifitiye uburenganzira ahabwa n’amategeko+, kandi sinzobura kukimuha+.’

  • Daniyeli 7:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Maze ahabwa ubutware+ n’iteka+ n’ubwami+, kugira ngo ibisata vy’abantu, imiryango y’amahanga n’indimi vyose bimukorere+. Ubutware bwiwe ni ubutware bwamaho igihe kitagira urugero, butazovaho; ubwami bwiwe na bwo ni ubutazosenyurwa+.

  • Ivyahishuwe 14:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Hanyuma ngize ntya, mbona igicu cera, kandi kuri nya gicu hari hicaye umuntu ameze nk’umwana w’umuntu+, ari n’urugori rw’inzahabu+ ku mutwe wiwe n’agakero gakarishe mu kuboko kwiwe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika