ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 49:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Agakoni k’ubutware ntikazova kuri Yuda+, eka n’inkoni ya kizigenza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, gushika Shilo aje+; ni we ibisata vy’abantu bizogamburukira+.

  • Zaburi 89:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 “Nagize isezerano ku bijanye n’uwo natoye+;

      Narahiye Dawidi umusavyi wanje+ nti:

  • Zaburi 110:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 110 Ijambo Yehova abwira Umukama wanje ni iri+:

      “Icara iburyo bwanje+,

      Gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe+.”

  • Yesaya 9:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kuko hari umwana atuvukiye+, hari umuhungu duhawe+; ubutware bwa kiganwa buzoba ku rutugu rwiwe+. Kandi izina azokwitwa ni Umujanama w’agatangaza+, Imana ikomeye+, Data ahoraho+, Umuganwa w’amahoro+.

  • Yesaya 11:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi+: hazoba umuzi wa Yese+ uzohagarara nk’ikimenyetso ku bisata vy’abantu+. Ni we amahanga azokwitura ngo amusiguze+, kandi ahantu hiwe h’ukuruhukira hazotegerezwa gucika ahaninahaye+.

  • Ezekiyeli 37:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Bazokwibera vy’ukuri ku butaka nahaye umusavyi wanje, ubwo nahaye Yakobo, aho ba sogokuruza banyu babaye+, kandi bazobwiberako vy’ukuri+, bo n’abana babo be n’abana b’abana babo gushika igihe kitagira urugero+, kandi Dawidi umusavyi wanje azoba umukuru wabo gushika igihe kitagira urugero+.

  • Luka 1:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Uyo azoba mukuru+ kandi azokwitwa Umwana wa Musumbavyose+; kandi Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami+ ya Dawidi se wiwe+,

  • Abaroma 15:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Yesaya arongera akavuga kandi ati: “Hazoba umuzi wa Yese+, kandi hazoba uwuhaguruka ngo aganze amahanga+; kuri we ni ho amahanga azoshingira icizigiro cayo+.”

  • Ivyahishuwe 5:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Mugabo umwe muri ba bakurambere ambwira ati: “Reka kurira. Ehe ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda+, wa muzi+ wa Dawidi+, yaratsinze+ kugira ngo azingurure uwo muzingo amature n’udushashara indwi twawo.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika