Zaburi
Ku muyobozi, kuri ogitave yo hasi+. Agahibongozo ka Dawidi.
12 Nkiza+, Yehova we, kuko intahemuka irangiye+;
Kuko abantu b’abizigirwa bakamanganye mu bana b’abantu.
3 Yehova azorandura iminwa isosa yose,
Ururimi ruvuga ibihambaye+,
4 Abavuze ngo: “Ku rurimi rwacu tuzonesha+.
Iminwa turafise. Ni nde azoba umutware wo kutuganza?”
5 “Kubera ukunyagwa kw’abarushwa, kubera ukuniha kw’aboro+,
Ubu ho ngira mpaguruke,” ni ko Yehova avuga+.
“Ngira ndamushire ahatagira inkomanzi, aho ata n’umwe amuhemerako+.”
6 Amajambo ya Yehova ni amajambo atavanze+,
Nk’ifeza ityororewe mw’itanure ry’ivu riyaza ivyuma, ikaba itosoye incuro indwi.