Gusubira mu vyagezwe
14 “Mwebwe muri abana ba Yehova Imana yanyu+. Ntimuze mwikebagure+ canke ngo mwice ubuhanza+ ku ruhanga rwanyu ku bw’umuntu yapfuye. 2 Kuko muri igisata ceranda+ kuri Yehova Imana yanyu, kandi Yehova akaba yabatoye ngo mube igisata ciwe, inyegu idasanzwe+, mu bisata vyose vy’abantu biri ku buringanire bw’ubutaka.
3 “Ntuze urye ikintu na kimwe giteye ishishi c’ubwoko na bumwe+. 4 Ubu ni bwo bwoko bw’igikoko mushobora kurya+: ishūri, intama, impene, 5 ifumbēri, ingeregere, inzobe+, impene y’inyeshamba, impongo, intama y’inyeshamba, indonyi; 6 n’igikoko cose gisatuye ikinono kandi kikagira umwanya ugabura ikinono mu binono bibiri, kikaba cuza+. Ico murashobora kukirya. 7 Ariko ubu ni bwo bwoko mutazorya mu vyuza canke bisatuye ikinono, kikaba gitanye: ingamiya+ n’urukwavu rwo mw’ishamba+ n’inkezi yo mu bitandara+, kuko vyuza mugabo bikaba bidasatuye ikinono. Birahumanye kuri mwebwe. 8 N’ingurube+ nyene, kuko isatuye ikinono mugabo ikaba ituza. Irahumanye kuri mwebwe. Nta n’imwe mu nyama zavyo mutegerezwa kurya, n’imivyimba yavyo ntimuze muyikoreko+.
9 “Ubu bwoko ni bwo mushobora kurya mu bintu vyose biri mu mazi: Ikintu cose gifise amababa n’ibigaragamba mushobora kukirya+. 10 Kandi ikintu cose kidafise amababa n’ibigaragamba ntimuze mukirye+. Kirahumanye kuri mwebwe.
11 “Inyoni idahumanye iyo ari yo yose mushobora kuyirya. 12 Mugabo ibi ni vyo mutegerezwa kutarya: inkona na kagoma n’ikinyakabaka cirabura+, 13 n’ikinyamwanira gitukura, n’ikinyamwanira cirabura+, n’ikibakabaka hisunzwe ubwoko bwavyo; 14 n’igikona cose+ hisunzwe ubwoko bwaco; 15 n’ikinyoni citwa imbuni+, n’igihuna, n’inguriguri, n’agaca hisunzwe ubwoko bwavyo; 16 na ca gihuna gitoyi, na ca gihuna c’amatwi maremare+, n’imbata yo mu mazi, 17 n’ikinyoni ntamayuruzi+, n’ikinyakabaka, n’ikirovyi, 18 n’agasoza, n’inyange hisunzwe ubwoko bwavyo, na samunsure, n’agahungarema+. 19 Kandi ibiremwa vyose bigwirirana vy’amababa birahumanye kuri mwebwe+. Ntibikwiye kuribwa. 20 Ikiremwa kiguruka kidahumanye cose murashobora kukirya.
21 “Ntimuze murye umuvyimba n’umwe w’icamaze gupfa+. Ushobora kuwuha kavamahanga ari mu marembo yawe, awurye; canke ushobora kugurishwa ku munyamahanga, kuko wewe uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe.
“Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+.
22 “Ukwiye ata kabuza gutanga ic’icumi c’umwimbu wose w’imbuto yawe, urya uva mu murima umwaka ku mwaka+. 23 Kandi imbere ya Yehova Imana yawe, ahantu azotora ngo atume izina ryiwe ari ho riba, ni ho utegerezwa kurira ic’icumi c’intete zawe+, umuvinyu wawe mushasha n’amavuta yawe n’ivy’uburiza vyo mu busho bwawe no mu mukuku wawe+; kugira ngo wige gutinya Yehova Imana yawe nantaryo+.
24 “Mu gihe rero urugendo rwokubera rurerure birenze+, kuko utazoshobora gutwara ico c’icumi, kubera ko ahantu Yehova Imana yawe azotora ngo ahashire izina ryiwe+ hazoba hakubereye kure birenze, (kuko Yehova Imana yawe azoguhezagira+,) 25 uze ugikabe rero amahera, uyazingire mu kuboko kwawe, uheze ufate urugendo uje ahantu Yehova Imana yawe azotora. 26 Uze rero uyagure ikintu cose umutima wawe uhahamiye+, ari inka, intama, impene, umuvinyu, inzoga iboreza+, be n’ikintu cose umutima wawe wogusaba; uze ukirire ng’aho imbere ya Yehova Imana yawe, unezerwe+, wewe n’urugo rwawe. 27 Kandi ntuze uhebe Umulewi ari mu marembo yawe+, kuko atagira umuturi n’intoranwa kumwe na wewe+.
28 “Ku mpera y’imyaka itatu uzosohora ic’icumi cose c’umwimbu wawe muri uyo mwaka+, ugitereke mu marembo yawe. 29 Kandi Umulewi+, kubera ko atagira umuturi canke intoranwa kumwe na wewe, be na kavamahanga+ n’impfuvyi* n’umupfakazi+ bari mu marembo yawe, bazoza, barye bahage; kugira ngo Yehova Imana yawe aguhezagire+ mu gikorwa cose+ c’ukuboko kwawe uzokora.