Zaburi Ururirimbo rw’Ukuduga. 123 Ni wewe ndaramuriye amaso yanje+,Ewe wewe uba mu majuru+! 2 Raba! Nk’uko amaso y’abasuku yama ahanze ukuboko kwa shebuja+,Nk’uko amaso y’umusukukazi yama ahanze ukuboko kwa inabuja+,Ni ko amaso yacu yama ahanze Yehova Imana yacu+Gushika atugiriye ubutoni+. 3 Tugirire ubutoni, ewe Yehova, tugirire ubutoni+;Kuko duhimvye agakengerwe bimwe vy’umurengera+. 4 Umutima wacu uhimvye bimwe vy’umurengera agatwengo k’abatagira ico binona+,Agakengerwe k’abanyakagaye+.