Yobu
3 Kubera ubukene n’inzara, bacitse ingumba,
Bakegeta akarere kagadutse+,
Ari ho ejo hari ikirura n’umusaka.
4 Bagenda barahurutura icatsi c’umunyu iruhande y’ibisaka,
Umuzi w’igiti c’umurotemu wari ibifungurwa vyabo.
6 Babwirizwa kuba ku mumanuko w’imyonga,
Mu myenge yo mu mukungugu no mu bitandara.
7 Mu bisaka ni ho baborogera;
Munsi y’ibisuru ni ho barundana.
8 Abana b’umuntu w’imburabwenge+, bakaba n’abana b’uwutagira izina,
Bakubiswe inkoni baromoka mu gihugu.
11 Kuko yananguruye uruvuto rwanje akancisha bugufi,
Kandi umujiginya bawurekuye kubera jewe.
12 Iburyo bwanje bahaguruka nk’akagwi k’imihimbiri;
Ibirenge vyanje bararetse biragenda,
Mugabo batangura kuntega imitego yabo y’inkorabara+.
13 Basambuye amabarabara yanje;
Nta kindi bari bamaze atari ukwunyura amarushwa yanje+,
Batagira umufasha n’umwe.
14 Baza nk’abazananye mu gitoboro kinini;
Bagenda bitembagaza munsi y’ikirura.
15 Ibica ivutu bukwi na bukwi vyampindukiriye;
Icubahiro canje gihinzwe nk’ikiguruwe n’umuyaga,
Ubukiriro bwanje buhise nk’igicu.
17 Mw’ijoro amagufa+ yanje aratobagurwa, akamvako agatibukira hasi;
Ububabare bunkegeta ntiburuhuka na gatoyi+.
18 Kubera ubwinshi bw’ububasha, impuzu yanje irahindutse;
Irandwega kurya kw’izosi ry’impuzu yanje ndende.
19 Yamanuye no gushika mw’ibumba,
Ku buryo nsigara nsa n’umukungugu be n’iminyota.
21 Uriyoberanya kugira ube ruburakigongwe kuri jewe+;
Umbikira akazikira ukoresheje inguvu zose z’ukuboko kwawe.
22 Urandūza ku muyaga, ugatuma ndawugenderako,
Ukansavya mu mwasano nkazimangana.
24 Ariko nta n’umwe atuma ukuboko kwiwe ngo asambure ikirundo gusa c’ibihomvagurike+,
Canke ngo habe ugutabaza ku vyerekeye ivyo bintu iyo umuntu ariko arayama.
27 Amara yanje yarabiragijwe, ntiyacereza;
Imisi y’amarushwa yarampanze.
31 Inanga yanje isigaye ari iy’ikigandaro gusa,
Umwironge wanje na wo uw’ijwi ry’abarira.