ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yosuwa 7:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Abanyakanani n’abandi bose baba mu gihugu nibavyumva, bazodukikuza baduhonye ku buryo n’izina ryacu rizimangana kw’isi. Uzokora iki none kugira urwanire izina ryawe rihambaye+?»

  • 1 Samweli 12:22
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 22 Yehova ntazobata mwebwe abantu biwe+ kubera izina ryiwe rihambaye+, kuko Yehova yiyemeje kubagira abiwe+.

  • 2 Ngoma 14:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Asa aca atabaza Yehova Imana yiwe+ ati: «Ewe Yehova, urashoboye gutabara abantu, baba bafise inkomezi* canke badafise inkomezi+. Ewe Yehova Mana yacu, dufashe kuko ari wewe twizigiye*+, kandi tuje kurwanya iri sinzi mw’izina ryawe+. Yehova, uri Imana yacu. Umuntu buntu ntakurushe inkomezi+.»

  • Zaburi 115:1, 2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 115 Ewe Yehova, ntutuninahaze, oya ntutuninahaze*,

      ahubwo nuninahaze izina ryawe+

      kubera urukundo* rwawe n’ukudahemuka kwawe+.

       2 Kubera iki amahanga yovuga ngo:

      «Imana yabo iri hehe+?»

  • Yesaya 48:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  9 Mugabo nzotsinda ishavu kubera izina ryanje+.

      Nzokwigumya kubera ishemezo ryanje,

      sindakuzimanganye+.

  • Yeremiya 14:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  7 Ewe Yehova, naho amakosa yacu atwagiriza,

      nugire ico ukoze ku bw’izina ryawe+.

      Kuko ubuhemu bwacu ari bwinshi+,

      kandi ni wewe twacumuyeko.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika