Kuvayo
40 Maze Yehova abwira Musa ati: 2 «Ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, uzokwubake iryo hema ryeranda ari ryo hema ry’ibonaniro+. 3 Uzoshirayo ya sandugu y’isezerano*+, uce uyikingiriza ya rido+. 4 Uzokwinjiza na ya meza+, upange neza ibintu vyo kuri yo, uce winjiza kimwe baterekako amatara+ hanyuma watse amatara yaco+. 5 Uzoshira ca gicaniro c’imibavu+ gihometseko inzahabu imbere y’iyo sandugu y’isezerano, uheze umanike ya rido* yo ku bwinjiriro bw’ihema+.
6 Uzoshira igicaniro c’amashikanwa aturirwa+ imbere y’iryo hema ryeranda, ari ryo hema ry’ibonaniro. 7 Uzoca ushira ca kibesani* hagati y’ihema ry’ibonaniro n’ico gicaniro, uheze ugisukemwo amazi+. 8 Hanyuma uzokwubaka uruzitiro+ rukikuje iryo hema ryeranda, uce umanika ya rido+ yo kw’irembo ry’ikigo. 9 Inyuma y’ivyo, uzotora ya mavuta meranda*+ uyasuke* kuri iryo hema n’ibiri muri ryo vyose+, uvyeze n’ibikoresho vyaryo vyose kugira ribe ryeranda. 10 Uzosuka amavuta ku gicaniro c’amashikanwa aturirwa no ku bikoresho vyaco vyose, uceze kugira kibe ceranda cane+. 11 Uzoyasuka no kuri ca kibesani* be n’ico bagiterekako, uvyeze.
12 Uzoce uzana Aroni n’abahungu biwe ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, uboze n’amazi+. 13 Uze wambike Aroni za mpuzu nyeranda+, umurobanuze amavuta+ wongere umweze, maze ambere umuherezi. 14 Hanyuma uzozana ba bahungu biwe, ubambike ya makanzu+. 15 Uzobarobanuze amavuta nk’uko warobanuye se wabo+ kugira bambere abaherezi. Ivyo bizotuma ibanga ry’ubuherezi ribegukira, uko urunganwe* rwabo ruzogenda rurakurikirana+.»
16 Musa akora ivyo Yehova yari yamutegetse+ vyose. Abikora gutyo nyene.
17 Yarangije gushinga iryo hema ryeranda+ ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, mu mwaka ugira kabiri. 18 Mu kwubaka iryo hema, Musa yashize hasi twa dutafari dutoboye+, aducomekamwo vya bizingiti*+, aca abifatanisha twa dukoni+, araheza ashinga inkingi zaryo. 19 Yaciye apfukisha iryo hema igitambara co munsi+, hanyuma arenzako vya bindi bitambara+ nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
20 Inyuma y’ivyo, atora ya mabwirizwa*+, ayashira muri ya sandugu+. Araheza acomeka vya bibando*+ kuri iyo sandugu, ashirako na wa mufuniko wayo+. 21 Maze yinjiza iyo sandugu y’isezerano mw’ihema ryeranda, araheza amanika ya rido*+ ikingira iyo sandugu*+, nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
22 Hanyuma yinjiza ya meza+ mw’ihema ry’ibonaniro, ayishira mu ruhande rwo mu buraruko, mu kibanza c’imbere y’iyo rido. 23 Araheza ayitondekako imikate igerekeranye+ imbere ya Yehova, nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
24 Aca ashira ca kintu baterekako amatara+ mw’ihema ry’ibonaniro imbere y’iyo meza, ku ruhande rwo mu bumanuko bw’iryo hema. 25 Araheza yatsa amatara+ imbere ya Yehova nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
26 Nuko ashira ca gicaniro+ c’inzahabu mw’ihema ry’ibonaniro, imbere ya ya rido y’indani, 27 kugira agifumbishirizeko umwotsi w’imibavu+ imota neza+, nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
28 Hanyuma amanika ya rido+ yo ku bwinjiriro bw’ihema.
29 Ashira ca gicaniro c’amashikanwa aturirwa+ ku bwinjiriro bw’ihema ryeranda, ari ryo rya hema ry’ibonaniro, kugira agitangireko amashikanwa aturirwa+ n’amashikanwa y’intete, nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
30 Araheza ashira ca kibesani* hagati y’ihema ry’ibonaniro na ca gicaniro, agisukamwo amazi yo gukaraba+. 31 Musa na Aroni n’abahungu biwe baca barakaraba ayo mazi bongera baroga ibirenge. 32 Igihe cose binjiye mw’ihema ry’ibonaniro canke begereye igicaniro, barakaraba+ nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
33 Amaherezo, yubaka uruzitiro+ rukikuje ihema ryeranda n’igicaniro, aca amanika ya rido yo kw’irembo ry’ikigo+.
Nuko Musa arangiza ico gikorwa. 34 Igicu gica gitangura gupfuka iryo hema ry’ibonaniro, ubuninahazwa bwa Yehova bwuzura iryo hema+. 35 Musa ntiyashobora kwinjira mw’ihema ry’ibonaniro kuko ico gicu caguma hejuru yaryo, n’ubuninahazwa bwa Yehova bukaba bwari bwuzuye iryo hema+.
36 Igihe cose ico gicu kiduze kikava kuri iryo hema ryeranda, Abisirayeli baca basambura amahema bakabandanya urugendo+. 37 Ariko iyo kitaduze, ntibabandanya urugendo gushika umusi kiduze+. 38 Mu rugendo rwabo rwose, Abisirayeli bose barabona ko igicu ca Yehova caguma hejuru y’ihema ryeranda ku murango, mw’ijoro na ho umuriro ukaguma hejuru yaryo+.