Indirimbo ya Salomo
Naramurondeye ariko sinamuronka+.
2 Naciye nibwira nti: “Ngira mvyuke, ntembere mu gisagara.
Ngira ndondere umukunzi wanje,
mu mabarabara no mu bibanza rusangi.”
Naramurondeye ariko sinamuronka.
3 Inderetsi zari kw’irondo mu gisagara zarambonye+, nca ndazibaza nti:
“Hari umukunzi wanje mwamboneye?”
4 Napfuye kubarengana,
nca ndabona umukunzi wanje.
Naciye ndamwumirako, sinamureka ngo agende,
gushika ndamuzanye mu nzu ya mawe+,
mu cumba c’uwanyibarutse.
5 Yemwe bakobwa b’i Yeruzalemu, ndabarahije
ingeregere n’impongokazi zo mw’ishamba:
ntimugerageze gukangura canke kuvyura urukundo muri jewe ntararwiyumvamwo+.»
6 «Kirya ni igiki kiriko kiraduga mu bugaragwa nk’inkingi z’umwotsi,
kimota imira* n’imibavu
n’amapuderi yose amota y’abadandaza+?»
Ikikujwe n’abagabo 60 b’intwari,
abagabo b’intwari bo muri Isirayeli+.
8 Bose bafise inkota,
kandi bose barigishijwe kurwana.
Umwe wese afise inkota kw’itako
kugira bikingire ivyobatera mw’ijoro.»
10 Inkingi zayo yazikoze mw’ifeza,
ivyo yishimikiza na vyo mu nzahabu.
Ivyo yicarako bikozwe mu bwoya busa n’umuyugubwe*.
Abakobwa b’i Yeruzalemu
basharije imbere muri yo babigiranye urukundo.»