Gucura intimba
א [Alefu]
4 Ewe kuntu ya nzahabu ikayangana, ya nzahabu nziza+, yafyirifyitiye!
Ewe kuntu ya mabuye meranda+ yandagajwe ku masanganzira yose*+!
ב [Beti]
2 Nayo abahungu b’agaciro ba Siyoni, bamwe bahora banganya agaciro* n’inzahabu ityoroye,
ewe kuntu bafashwe nk’imibindi
yabumbwe n’umubumvyi!
ג [Gimelu]
3 N’imbwebwe ari imbwebwe ziraha ivyana vyazo amabere ngo vyonke,
mugabo umukobwa w’abantu b’iwacu asigaye ari ruburakigongwe+ nk’ibinyoni vyitwa imbuni* vyo mu gahinga+.
ד [Daleti]
4 Ururimi rw’uruyoya rwonka rwamase ku magage kubera inyota.
Abana barasaba umukate+ mugabo ntihagire n’umwe awubaha+.
ה [He]
5 Abahora barya uturyoshe baguye isari* mu mabarabara+.
Abakuze bambara impuzu z’agahama+ barambaraye* mu birundo vy’umunyota.
ו [Vau]
6 Igihano* c’umukobwa w’abantu b’iwacu kiruta igihano* ca Sodomu+,
hamwe harandurwa mu kanya gato, hakabura uwuhatabara+.
ז [Zayini]
7 Abanaziri+ biwe bari batyoroye kurusha shelegi*, bera kurusha amata.
Bari inzobe kurusha amabuye y’agaciro yitwa korali. Bari bameze nk’amabuye ya safiro asenye.
ח [Heti]
Urukoba rwabo rwarakabiranye rwumira ku magufa+. Rusigaye rwumye nk’urukwi.
ט [Teti]
9 Abishwe n’inkota bobo vyopfuma kurusha abishwe n’inzara+,
bamwe bagenda barahera, bagasogotwa n’ukubura ivyo barya.
י [Yodi]
10 Abagore b’impuhwe barafashe abana babo barabateka+.
Bababereye imfungurwa z’abagandaye mu gihe c’ugusenyuka kw’abantu b’iwacu*+.
כ [Kafu]
Adomeka umuriro i Siyoni, ukayogeza imishinge yaho+.
ל [Lamedi]
12 Abami bo mw’isi n’abayibako bose ntibemeye
yuko uwurwanya Yeruzalemu n’umwansi wayo bokwinjiye mu marembo yaho+.
מ [Memu]
13 Vyabaye kubera ibicumuro vy’abahanuzi baho, kubera amakosa y’abaherezi baho+
basheshe amaraso y’abagororotsi babayo+.
נ [Nuni]
14 Bayerereye nk’impumyi+ mu mabarabara.
Nta n’umwe ashobora gukora ku mpuzu zabo
kubera bandujwe n’amaraso+.
ס [Sameki]
15 Basemerera bababwira ngo: «Nimwigireyo! Mwa bihumane mwe! Nimwigireyo! Nimwigireyo! Ntimudukoreko!»
Basigaye batagira aho baba. Baguma bayerera.
Mu mahanga abantu bavuze ngo: «Ntibashobora kugumana natwe ng’aha*+.
פ [Pe]
Abantu ntibazokwubaha abaherezi+. Ntibazogirira ubuntu abashingantahe+.»
ע [Ayini]
17 Gushika n’ubu amaso yacu aruhijwe no kuguma areretse imfashanyo itaza+.
Twagumye tureretse amaso ahera mu nzira, tureretse imfashanyo yova kw’ihanga ritashobora kudukiza+.
צ [Tsade]
18 Aho twaca hose baraduhiga+ ku buryo tutashobora kugendera mu bibanza rusangi vyacu.
Iherezo ryacu riregereje. Imisi yacu yaheze, kuko iherezo ryacu rishitse.
ק [Kofu]
19 Abadukurikirana banyaruka kurusha inkona zo mu kirere+.
Batwirutseko ku misozi. Batubundiye mu bugaragwa.
ר [Reshi]
20 Uwahora ari impemu zo mu mazuru yacu, uwo Yehova yarobanuje amavuta*+, yafatiwe mu cobo cabo kinini+,
umwe twavuga ku bimwerekeye duti: «Tuzoba mu gitutu ciwe mu mahanga.»
ש [Sini]
21 Ewe Edomu*, niwigine kandi unezerwe+ wewe uba mu gihugu ca Uzi.
Ariko na wewe nyene igikombe kizogushikira+. Uzoborerwa, werekane ubwambure bwawe+.
ת [Tau]
22 Ewe mukobwa wa Siyoni, igihano c’ikosa ryawe carangiye.
Ntazosubira kukujana mu bunyagano+.
Mugabo wewe Edomu*, ikosa ryawe azoryitaho.
Azoshira ahabona ibicumuro vyawe+.